Ikiganiro kuri Pantecoti nshasha, ku wa 23/8/2020

Posted on

Esprit SaintImbere y’uko nogira ico mvuze ku mazina ya Mutima Mweranda, munkundire tubanze turabire hamwe igituma tugira ibisabisho kuri Mutima Mweranda ndetse tukanamutazira amazina.

Mutima Mweranda ni umwe muba personna batatu bagize ubutatu butagatifu, kumwe na Data, na Mwana. Ni wa muhoza twari twemerewe na Yezu, twamurungikiwe na Data mw’ibatisimu. Arashobora guhindura ubuzima bwacu, igihe tumuretse akaba ariwe atugenza. Amazina ya Mutima Mweranda rero adufasha gusenga twiyibutsa inema n’ingabirano tumuzeyeko.

Ibisabisho kuri Mutima Mweranda

Hariho n’ibindi bisabisho bitari bike birora kuri Mutima Mweranda. Bimwe muri ivyo bisabisho abakristu turabimenyereye kandi turabikunda ; novuga nk’iki co guhamagara Mutima Mweranda « Ingo mana Mutima Mweranda » n’ibindi. Uwo Muhoza Yezu yatwemereye aza kutugira beranda biciye ku ngabirano aturungikira. Araturongora atwerekeza mu bwami bw’Imana, « Erega ubwami bw’Imana ntibushingiye kumfungurwa canke ku nyobwa, ariko bushingiye ku butungane, amahoro n’agahimbare muri Mutima Mweranda »(Abanyaroma 14, 17).

Mu matazirano ya Mutima Mweranda, turamutazira tumwita :

  • Muzirikanyi dukurako ubuzima bushasha ;
  • Muzirikanyi wuzuza mu mishaha yacu ingeso nziza y’urukundo ;
  • Muzirikanyi utugira abana b’Imana
  1. Mutima Mweranda turamutazira Muzirikanyi dukurako ubuzima bushasha.

Nk’uko nari nabivuze mu ntangamarara, Mutima Mweranda ni wa muhoza twari twemerewe na Yezu, twamurungikiwe na Data mw’ibatisimu. Mw’ibatisimu, kubera Mutima Mweranda tugana, tuba ibiremwa bishasha, Mutima Mweranda aduha ubuzima bushasha. Uwakiriya Mutima Mweranda wese akamureka akamugenza, amuha ubuzima bushasha ; aba ikiremwa gishasha. Ivyo rero si ivyo kumarimirimi, ni ivyibonekeza mu buzima. Uwakiriye Mutima Mweranda ikimuranga, ni uko aca ahinduka mu buzima bwiwe, mu ngendo, mu mibereho, ndetse no mu mvugo, abantu bagatangazwa n’iryo hinduka.

Turabe uturorero ku batumwa :

  • Mu gitabu c’ibikorwa vy’Abatumwa, mu kigabane ca kabiri, turabona ingene Mutima Mweranda amaze kwururukira ku batumwa, bahindutse, batangura kuvuga mu ndimi abantu batari babamenyereyeko, gushika aho bibaza ngo baraborewe (Acte 2, 13). Niho Petero aca ahaguruka, ahagatiwe na bamwe cumi n’umwe, akabaha umuco kuvyo babonye, ati : « Ivyo mubona ni bimwe umuhanuzi Yoweli yari yabuye….» (Cf Yoweli 3, 1-5). Ivyo turabisoma muri Acte 2, 14-21.

Mutima Mweranda aduha kuba ivyaremwe bishasha, birangwa n’ururimi rushasha, ukavuga amajambo y’Imana yumvwa ba bose.

Muri ubwo buzima bushasha dukura mukwakira Mutima Mweranda, harimwo gushira ubwoba tukavugira Imana. Turabona mu gitabu c’Ibikorwa vy’abatumwa, Petero na bagenziwe bashiruka amazinda bakavugira Kristu, bigatuma abari aho bahinduka (Acte 2, 36-37).

Mu buzima bwacu, birahimbaye kubona umuntu yakiriye Mutima Mweranda ; urabona neza ko umuzirikanyi wiwe wamugize mushasha. Intahe z’uguhinduka turamenyereye kuzumva mubanaguwe muri Mutima Mweranda, aho jewe ubwanje ntangarira igikorwa ca Mutima Mweranda, ukabona canke ukumva umuntu yemeye guheba akazi kubera asanza kadahuye n’ubuzima bushasha yakiriye, abandi ukumva bataye ingeso mbi bahoramwo, n’ibindi. Ivyo vyose ni ibimenyetso biranga uwo Muzirikanyi dukurako ubuzima bushasha.

  1. Mutima Mweranda turamutazira kandi Muzirikanyi wuzuza mu mishaha yacu ingeso nziza y’urukundo

Nk’uko tubisoma mw’ibaruwa ryambere ryandikiwe Abanya Korenti (1Co 13), urukundo niryo shingiro ry’ubuzima bushasha muri Kristu Yezu, nabwo nk’uko tubibona ntahandi tubukura atari muri Mutima Mweranda aduha uwo muzirikanyi, kuko muri we turonka inkomezi (Ac 1,8). Ni kubw’izo nkomezi za Mutima Mweranda abana b’Imana bashobora kwama ivyamwa.

Urwo rukundo narwo, ruva ku Mana, tukarusanga muri Kristu Umwana w’Imana. Urwo rukundo rwa Kristu rurengeye ubumenyi bwose, nk’uko Paulo avyandikira Abanyefezi (Eph 3, 19), ariko muri urwo rukundo nyene niho tunengesera umusesekara wose w’Imana.

Ariko muri iyi si tubayemwo, umwe wese, kumbure najewe nyene, turabuze urwo rukundo nyarwo. Ivyo navyo bifise imvo 2 :

  1. Kamere ya muntu, kubera ntazi gukunda mugenzanje (nkaguma niraba gusa), kubera kandi ntazi kwemera ko nokundwa (kubera ubwishime), canke kubera ntigeze nkundwa;
  2. Kamere y’Imana : biratugora kubona ko Imana ari Rukundo, kuko muvyo tuyitezeko, tubona umenga yananiwe. Biratugora kuvuga ko Imana ari Rukundo igihe tuba turiko turababara, turenganywa, tugwa mu minwe y’abambuzi,…(témoignage ingene naguye mu minwe y’abambuzi ndiko ndasenga). Ivyo biva kukudatahura neza urwo rukundo rw’Imana urwo ari rwo.

Mutima Mweranda niwe aturungikira mu mishaha yacu Umuzirikanyi atwuzuzamwo ingeso nziza y’urukundo. Abo bambuzi ndabiyumviriye narumvise banteye ikigongwa, kuko nibazako ubwo bubisha babuterwa n’ubukene, kubura ico barya, ico bambara kubera agashomeri, naho rimwe na rimwe iyo ngeso ivamwo igakura ntibabihebe. Gushika ubu ndafitiye impuhwe urwaruka rushomereye, ku buryo umwanya wose nama ndiko ndiyumvira icomara ubushomeri mu gihugu, naho bitoroshe, ariko Imana Rukundo irabibona, izobikora ; bitebe bitebuke izobikora, jewe ndavyizigiye n’umutima wanje wose.

Uyo mutima w’impuhwe, ntahandi uva atari kuri wa Muzirikanyi atwuzuza ingeso nziza y’urukundo. Impuhwe ziva ku rukundo ; Umuntu atagira urukundo, yokura hehe impuhwe ?!

Urukundo rw’Imana ntirucagura, ntirugira nkunzi, ntirugira imbibe (Eph 3, 6) « ko abanyamahanga basangiye natwe iragi rimwe, bagasangira natwe kuba ingingo z’umubiri umwe, bagasangira natwe umuhamagaro umwe muri Kristu Yezu kubera Inkuru nziza ». Natwe Mutima Mweranda aduha iyo nema yo gukunda bose tudacagura, tugakunda, tukanasabira n’abansi bacu, nk’uko Kristu abidutegeka (Matt 5, 44).

  1. Mutima Mweranda turamurata kandi tumutazira Muzirikanyi atugira abana b’Imana.

Yezu ati : « Kunde abansi banyu, kandi musabire ababahama », ati « gurtyo mube mubaye abana bas o wanyu wo mw’ijuru ». nk’uko inema y’urukundo, ingeso nziza y’urukundo, tuyikura kuri Muzirikanyi w’Imana, n’inema yo kuba abana b’Imana tuyihabwa n’uyo muzirikanyi nyene, kanatsinda ngo « abarongowe na Mutima w’Imana bose, nibo bana b’Imana » (Rm 8, 14).

Iryo bakwe ryo kuba abana b’Imana turironkera mw’ibatisimu. Mutima Mweranda aradushungurukirako, nka kumwe yashungurukira kuri Yezu ariko arabatizwa na Yohani muri Yorudani, maze rya jwi ryumvikana mw’ijuru ngo “uyu ni umwananje nkuda cane” (Mtt 3, 17), rigasamiranira mu mutima. Iyo nibutse ko nabatijwe, ndahimbarwa cane, kuko ndi umwana w’Imana.

Umutumwa Paulo aratwibutsa kandi “Mutima we nyene ubwiwe ariwe afasha umutima wacu kwemeza ko turi abana b’Imana. Ko turi abana, turi ba samuragwa, ba samuragwa b’Imana n’abaragwa kimwe na Kristu”. Ariko rero kuba abana b’Imana si ukurya umunyenga, Paulo yongerako ati: “dusanzwe dusangiye na Kristu ububabare kugira ngo tuzoninahazwe hamwe nawe.”

Muvyo ducamwo uko bukeye uko bwije, amakuba ducamwo, uruhamo, inzara, n’indwara, uko tuvyitwaramwo, nikwo kwerekana koko ko turi abana b’Imana. Ariko ntiturekuriwe kwihebura, naho vvyoba bimeze gute, kuko Atari twebwe ubwacu twigwanira, Mutima we nyana ubwiwe, niwe adufasha, akatugwanira kugira afashe umutima wacu kwemeza ko turi abana b’Imana. Numva rero noremesha umwe wese aho ari no muvyo arimwo, nti ko waronse Mutima Mweranda, tekana arakugwanira, kuko niwe ubwiwe yemeza ko uri umwana w’Imana, gurtyo ububabare umwe wese arimwo, yumve ko abusangiye na Kristu, ngo azoninahazwe hamwe nawe.

Murakoze!

Diomède Mujojoma,

Berger du RCC Mont Sion Gikungu

 

Leave a comment